Uburundi ni igihugu kiri ku mugabane wa Afirika yo hagati ariko kikaba kure y’ ibahari. Ni kimwe mu bihugu bigize akarere k’ibiyaga binini binini. Gifise uburinganire bungana n’ibirometero kwadarato ibihumbi 27.834. Muri vyo ibirometero kwadarato 25.200 bigizwe n’isi ndimwa hamwe n’ibirometero kwadarato ibihumbi 2000 bigizwe n’amazi y 'ikiyaga ca Tanganyika. Ico gihugu gifise abanyagihugu baharurwa mu miriyoni cumi n'igice (10.500.000) ni ukuvuga ko ku kirometero kwadarato kimwe haba abantu bangana 403. Igihugu c’Uburundi kikaba giharurwa mu bihugu bifise abanyagihugu benshi ku kirometero kwadarato muri Afirika. Ihagarikwa ry'intambara mu Burundi ryahuriranye nuko hariko haba inama ya bose ya mirongo itanu na gatanu ihuza ibihugu bitandukanye vyo kw’isi, iyo nama ikaba yabaye ku magenekerezo ya 6 gushika ku wa 8 nyakanga 2000, iyo nama ikaba yari yerekeye iterambere ry’ ikimpumbi . Kuva aho Uburundi bugarukiye mu nzira ya demokarasi mu mwaka wa 2005 bwarashubijwe mu nzira y’iterambere ariko harabaye gucerwa kuko ihangiro ry 'ikimpubi kwari gushikira iterambere nyakuri nk'uko ikirangaminsi cavyerekana kuko ikiringo carangira mu mwaka wa 2015